Burkina-Sankara: Compaore agiye gucirwa urubanza kw'iyicwa rya Sankara

Ikibumbano ca Thomas Sankara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ikibumbano ca bronze ca Thomas Sankara ku cibutso ciwe kuri Conseil de l'Entente ku murwa mukuru, Ouagadougou

Blaise Compaore, yahoze atwara igihugu ca Burkina Faso, agiye kuzocirirwa urubanza kw'igandagurwa rya Thomas Sankara, nk'uko vyatanganjwe na sentare ya gisirikare.

Comapore yatenbagaje ku butegetsi Sankara mu 1987.

Yahungiye mu mahanga kuva mu 2014 inyuma yo kugerageza guhindura amategeko kugirango agume ku butegetsi.

Kuri uyu wa kabiri, sentare ya gisirikare yamushingishirije urubanza ku vyaha vyo ''kubangamira umutekano w'igihugu, gufatanya mu caha co kugandagura no kunyegeza ikiziga."

Abandi bantu 20 bari mu bagirijwe icaha hamwe n'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Blaise Compaore yatembagaje Thomas Sankara mu 1987 bari basanzwe ari abagenzi

Sankara, bamwe batazira Che Guevera wo muri Afrika, yari indongozi ikundwa cane muri Burkina Faso na Afrika yose , ubu yahindutse nk'icitegererezo.